Sunday, May 17, 2026

Burundi: Amateka ya Seminari Nkuru y'i Burasira ihimbaza yubile y’umyaka 75

Seminari Nkuru y'i Burasira yitiriwe Petero Claver Mutagatifu iherereye muri diyosezi Gatolika ya Ngozi. Yashinzwe kuwa 2 Gashyanatare 1952, icyo gihe yakiraga abanyeshuri bo Mu Rwanda no Mu Burundi. Kuva yashingwa, iyi seminari yayobowe n’abapadiri 17.

Aya ni amwe mu mateka yayo, yatangajwe na Radio Maria Burundi. 

Amateka ya Seminari nkuru y'i Burasira (mu Kirundi - Ivomo: Radio Maria Burundi) 

Burasira yavutse mu mwaka w'1951 ku wa 02 ruhuhuma (Gashyantare), ico gihe yakira abanyeshure bavuye mu rwanda no mu Burundi. Mu mwaka w'1952 ku wa 10 Nyakanga iyo seminari yaruguruwe nka seminari ya mbere mu Burundi yitiriwe Umweranda Petero Claver, itanga ivyirwa vya Teolojiya. Mu mwaka w'1953, Burasira yararamuye abasaserdoti ba mbere batiwe. 

Mu mwaka w'1954 ku wa 10 nyakanga, ingoro y'Imana yari yubatse mw'iyo seminari yaciye ihezagirwa. 

Burasira yarakurikiwe n'iseminari ntoyi ya Mureke inyuma y'imyaka 2 mu mwaka w'1953, hanyuma havuka iseminari nkuru y'i Bujumbura yitiriwe Yohani Mariya Vianney mweranda mu mwaka w'1963 inyuma y'ukwikukira kw'Uburundi. Mu mwaka w'1964 naho haca havuka Kaminuza y'igihugu. 

Imyaka 22 yaraheze Burasira yitwa seminaire moyen, mu gihe amaseminari matoyi yari yarahinduwe amashure yisumbuye (Lycée) yobamwo abahungu n'abugeme. 

Mu mwaka w'1985 yarahindutse yitwa Iseminari nkuru yigisha ivyirwa vya Filozofiya, yakira abavuye mw'iseminari ntoyi y'i Mugera n'i Mureke, abanyarwanda ntibari bakiyijamwo.

Burasira yarabaye intangarugero mu guharanira iteka ry'umuntu ku mutima no ku mubiri, mu kuba umunyempuhwe, no mu gutanga ituze mu miryango myinshi ifasha mu mirima. 

Mu mwaka w'1993 gitugutu (Ukwakira), Burasira yarakiriye impunzi z'abantu badasangiye ubwoko, bamaze kwisanga bari hamwe bahujwe n'igisabisho haca haba umuvukano. 


Burasira kuva ibayeho gushika uno musi ni intangarugero mu burimyi mu guca imikobeko abarundi bakahakura ubumenyi, mu bworozi bw'inka nziza zitanga amata aryoshe mu kubika ubwatsi bwa zo no mu gihe c'ici, hamwe n'ubushakashatsi mu guhingura ikinyobwa ca Bourasine mu vyimburwa. 

Ico mwomenya n'uko Vikariya ya Ngozi yavutse mu 1949, umwaka umwe imbere ya Seminari Nkuru y'i Burasira, na yo seminari ntoyi y'i Mureke yo muri Diyoseze Ngozi ikaba izohimbaza jubile y'imyaka 75 mu myaka ibiri iri imbere.

No comments:

Post a Comment

Burundi: Amateka ya Seminari Nkuru y'i Burasira ihimbaza yubile y’umyaka 75

Seminari Nkuru y'i Burasira yitiriwe Petero Claver Mutagatifu iherereye muri diyosezi Gatolika ya Ngozi. Yashinzwe kuwa 2 Gashyanatare 1...