Sunday, July 19, 2026

Diyoseze Nkuru ya Bujumbura: Iyatirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti busuku

Abatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti busuku bangana 16, harimwo abasaleziyano 4. Muri abo bose, Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yagabanyemwo abasaserdoti 14. Umushingantahe wa Diyoseze amaze guhamagara abagira ngo baterwe iteka ryo kwatirwa mu busaserdoti, umwe umwe wese mw'izina ryiwe, yasavye kw'izina rya Ekleziya ntagatifu kubinjiza mw'ibanga ry'ubusaserdoti busuku, na we amaze kumenyeshwa ko babikwiye, araheza arabahamagarira iryo banga. 

Ariko na bo nyene babanje kugiriranira ikiganiro, ngo bemere imbere y'abantu bose ko bazorangura neza iryo banga bashinzwe mu mutigiri w'abasaserdoti ari abafasha nyabo b'abepiskopi mu kuragira ubusho bw'Imana barongowe na Mutima-Mweranda, ko bemeye kandi bazogamburuka ibijanye n'iryo banga vyose, baninahaze Imana kandi batagatifuze umuryango w'abakristu cane cane mu nkuka y'imisa no mw'isakramentu ry'ikigongwe. 

Na bo nyene baraganye kugamburukira Umwepiskopi n'abazomusubirira canke n'abepiskopi b'aho bazorangurira ubutumwa hose, be n'abakuru b'umuryango w'abihebeye Imana ku basaleziyano batiwe, hanyuma Umwepiskopi aca abaturirako ko Imana yorangura muri bo iciza bariko basaba.

Umwepiskopi yubitse ibiganza ku mutwe w'abatiwe mu busaserdoti, hanyuma abasaserdoti bari aho bose bambaye istola baca baraza kugira batyo nyene, bakikuza Umwepiskopi gushika igikorwa c'iyatirwa gihere. 

Neza na neza batiwe kw'isaha zitandatu n'iminota 20, baca bahabwa ibimenyetso vy'ubusaserdoti, ugutumbereza neza isitola, ukubambika umutamana w'ubusaserdoti, chasuble, ukubasiga amavuta mu minwe, ukubashikiriza ikalisi irimwo umuvinyu n'ipatena iriko umukate, n'ububasha bwo gutanga isakramentu ry'ikigongwe. 

Ni mu birori vyo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2026, muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, muri Paruwase Buterere, mu musi mukuru w'iyatirwa mu busaserdoti busuku no mu budiyakoni, mu nkuka y'imisa irongowe n'Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa. (SRC: Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Burundi).

No comments:

Post a Comment

Diyoseze Nkuru ya Bujumbura: Iyatirwa mw'ibanga ry'ubudiyakoni bugana ubusaserdoti busuku

Abatiwe mw'ibanga ry'ubudiyakoni bugana ubusaserdoti busuku bangana 12. Umushingantahe wa Diyoseze amaze guhamagara abagira ngo bate...