Abatiwe mw'ibanga ry'ubudiyakoni bugana ubusaserdoti busuku bangana 12. Umushingantahe wa Diyoseze amaze guhamagara abagira ngo baterwe iteka ryo kwatirwa mu budiyakoni, umwe umwe wese mw'izina ryiwe, yasavye kw'izina rya Ekleziya ntagatifu kubinjiza mw'ibanga ry'ubudiyakoni.
Na we amaze kumenyeshwa ko babikwiye, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura araheza arabahamagarira iryo banga, ariko babanje kugiriranira ikiganiro, ngo bemere imbere y'abantu bose ko bazorangura neza iryo banga bashinzwe, ko bemeye kubaho mw'ibanga ry'ukutubaka izabo mu ntumbero y'ukwegukira rwose Kristu Umukama ku bw'Ubwami bw'ijuru no ku bw'umwitwarariko wo gukorera Imana n'abantu, kandi ko bazokwama bubaha Umwepiskopi abatiye n'abazomusubirira.
Umwepiskopi, ashizeko inkofero yiwe y'ubwungere, yabubitseko ibiganza ku mutwe w'umwe umwe wese. Arangije, yabavugiyeko igisabisho co kubatira. Igisabisho co kubatira kirangiye, abadiyakoni bashasha bambitswe istola n'abasaserdoti, kumwe abadiyakoni bayambikwa.
Ni mu birori vyo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2026, muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, muri Paruwase Buterere, mu musi mukuru w'iyatirwa mu busaserdoti busuku no mu budiyakoni, mu nkuka y'imisa irongowe n'Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa. (SRC: Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Burundi).

No comments:
Post a Comment